26 Imihezagiro ya so izoruta koko imihezagiro y’imisozi y’ibihe bidahera+, irute ugushaza kw’imirambi yamaho igihe kitagira urugero+. Izoguma ku mutwe wa Yozefu, egome, ku rutwariro rw’uwashizwe ku ruhande akuwe muri bene wabo+.
17 Kuko akwiye kwemera ko imfura ari umuhungu w’umwe yankwa mu kumuha imigabane ibiri ku kintu cose afise+, kuko uyo ari we buzibūra bwiwe*+. Uburenganzira bw’imfura ni we bwegukira+.