13 Ayo ni yo mabwirizwa+ n’ingingo z’ubutungane Yehova yategetse bene Isirayeli biciye kuri Musa, mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, iruhande ya Yorodani aharabana n’i Yeriko+.
28“Kandi niwumviriza koko ijwi rya Yehova Imana yawe mu kuba maso ugashitsa amabwirizwa yiwe yose ndagutegetse uno musi+, Yehova Imana yawe rero ntazobura kugushira hejuru y’ayandi mahanga yo kw’isi+.