Matayo 11:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Umwana w’umuntu yaje arya, anywa+, mugabo abantu bavuga ngo: ‘Ehe umukunzi w’inda kandi yatwawe n’umuvinyu, umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi+.’ Ariko ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo+.” Mariko 15:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Vyongeye, bamanika abambuzi babiri hamwe na we, umwe iburyo bwiwe, uwundi ibubamfu bwiwe+. Luka 22:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 Kuko ndababwiye yuko ibi bintu vyanditswe bitegerezwa kurangukira muri jewe, ari vyo vy’ibi: ‘Kandi yaharuranywe n’abagarariji+.’ Kuko ikinyerekeye kiriko kiraranguka+.” Luka 23:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Mugabo abandi bantu babiri b’inkozi z’ikibi, na bo nyene bari bajanywe kwicanwa na we+.
19 Umwana w’umuntu yaje arya, anywa+, mugabo abantu bavuga ngo: ‘Ehe umukunzi w’inda kandi yatwawe n’umuvinyu, umugenzi w’abatozakori n’abacumuzi+.’ Ariko ubukerebutsi bwerekanwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabwo+.”
37 Kuko ndababwiye yuko ibi bintu vyanditswe bitegerezwa kurangukira muri jewe, ari vyo vy’ibi: ‘Kandi yaharuranywe n’abagarariji+.’ Kuko ikinyerekeye kiriko kiraranguka+.”