Gusubira mu vyagezwe 33:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Isirayeli izokwiberaho mu mutekano+,Rya sôko rya Yakobo ryibere ukwa ryonyene+,Mu gihugu c’intete n’umuvinyu mushasha+.Egome, amajuru azoreka ikime gitonyange+. Zaburi 130:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Isirayeli nagume arindiriye Yehova+.Kuko hari ubuntu bwuzuye urukundo kwa Yehova+,Kandi ni na ko iwe hagwiriye ugucungura+. Yesaya 62:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ntibizokwongera kuvugwa ko uri umugore yahebwe buhere+; kandi igihugu cawe ntikizokwongera kuvugwa ko cacitse umusaka+; mugabo wewe uzokwitwa Uwumpimbara+, igihugu cawe na co citwe Uwabiriwe. Kuko Yehova azoba yaguhimbariwe, kandi igihugu cawe kizokwabirwa+. Yeremiya 32:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 ‘Ehe nzobakoraniriza hamwe ndabakuye mu bihugu vyose nzoba nabashwiragirijemwo mw’ishavu ryanje no mu bushangashirwe bwanje no mu burakari bukaze+; nzobagarukana aha hantu, ntume biberaho mu mutekano+. Zakariya 14:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Abantu bazohaba vy’ukuri; kandi ntihazosubira kuba ivy’ukugenera umuntu agatikizo+, kandi Yeruzalemu bazoyibamwo koko mu mutekano+.
28 Isirayeli izokwiberaho mu mutekano+,Rya sôko rya Yakobo ryibere ukwa ryonyene+,Mu gihugu c’intete n’umuvinyu mushasha+.Egome, amajuru azoreka ikime gitonyange+.
7 Isirayeli nagume arindiriye Yehova+.Kuko hari ubuntu bwuzuye urukundo kwa Yehova+,Kandi ni na ko iwe hagwiriye ugucungura+.
4 Ntibizokwongera kuvugwa ko uri umugore yahebwe buhere+; kandi igihugu cawe ntikizokwongera kuvugwa ko cacitse umusaka+; mugabo wewe uzokwitwa Uwumpimbara+, igihugu cawe na co citwe Uwabiriwe. Kuko Yehova azoba yaguhimbariwe, kandi igihugu cawe kizokwabirwa+.
37 ‘Ehe nzobakoraniriza hamwe ndabakuye mu bihugu vyose nzoba nabashwiragirijemwo mw’ishavu ryanje no mu bushangashirwe bwanje no mu burakari bukaze+; nzobagarukana aha hantu, ntume biberaho mu mutekano+.
11 Abantu bazohaba vy’ukuri; kandi ntihazosubira kuba ivy’ukugenera umuntu agatikizo+, kandi Yeruzalemu bazoyibamwo koko mu mutekano+.