10 Nugire ububabare bukaze kandi uturikishe, ewe mukobwa wa Siyoni, nk’umugore ariko yibaruka+, kuko ubu uzosohoka uvuye mu gisagara, ukaba koko mu gahinga+. Uzoshika i Babiloni ata kabuza+. Aho ni ho uzorokorerwa+. Ni ho Yehova azogucungurira akagukura mu kiganza c’abansi bawe+.