8 Nuko mu mwaka ugira gatandatu, mu kwezi kugira gatandatu, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, igihe nari nicaye mu nzu yanje, abagabo b’inararibonye ba Yuda na bo bakaba bari bicaye imbere yanje+, ukuboko kw’Umukama Segaba Yehova kwanguyeko ng’aho+.