43 Ico gihe cose, igihugu bari baragitaye kiriko kirishura amasabato yaco+ mu gihe cari umusaka batakikibamwo, na bo ubwabo bakaba bariko barishura ikosa ryabo+, kubera yuko, emwe, kubera yuko bari barataye ingingo zanje z’ubutungane+, n’imitima yabo ikaba yari yarazinutswe ivyagezwe vyanje+.