7 Bahezagirika bipfuza kubona umukungugu w’isi ku mutwe w’abantu batobato+; bacisha ku ruhande inzira y’abatekereza+; kandi umuhungu na se ba giye ku mukobwa umwe+, mu ntumbero yo guhumanya izina ryanje ryeranda+.
2 “Kandi kuri uwo musi,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, “nzorandura amazina y’ibigirwamana mu gihugu+, kandi ntibizokwongera kwibukwa; abahanuzi+ be n’impwemu y’ubuhumane nzobizimanganya mu gihugu+.