5 Ababa i Samariya bazogira ubwoba kubera inyana y’ikigirwamana y’i Beti-aveni+; kuko abantu bayo bazoyigandarira koko, be n’abaherezi b’imana z’inyamahanga bayo bahora bayinezerererwa, kubera ubuninahazwa bwayo, kuko izoba yagiye mu bunyagano kure yabo+.