ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 34:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 izigama ubuntu bwuzuye urukundo ku bw’ibihumbi+, ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro+, mugabo ikaba itazogenda ikuye igihano ku muntu+; izana igihano ku bana no ku buzukuru ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane+.”

  • Nehemiya 9:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Maze banka kwumviriza+, ntibibuka+ ibikorwa vy’agatangaza vyawe wabakoreye, mugabo bakomantaza izosi+, bashiraho umukuru+ kugira basubire mu bushumba bwabo mu Misiri. Mugabo wewe uri Imana ikunda kubabarira+, y’inyempuhwe+ kandi y’inyembabazi+, iteba gushavura+ kandi igwije+ ubuntu bwuzuye urukundo, ntiwabahevye+.

  • Zaburi 65:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Ibintu vy’ikosa vyandushije inkomezi+.

      Nayo ibigabitanyo vyacu, wewe ubwawe uzobipfuka+.

  • Zaburi 86:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Kuko wewe, ewe Yehova, uri mwiza+ kandi witeguriye kubabarira+!

      Kandi ubuntu bwuzuye urukundo ugirira abakwambaza bose ni ikirenga+.

  • Yesaya 1:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Nimuze rero tugorore ibintu hagati yacu,” ni ko Yehova avuga+. “Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere*+; naho vyoba bitukura nk’impuzu y’ibara ry’umutukutuku rihinze, bizocika nk’ubwoya bwera derere.

  • Yesaya 44:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Nzohanagura ibigabitanyo vyawe nk’aho noba nkoresheje igicu+, n’ibicumuro vyawe nk’aho noba nkoresheje ikigwi c’igicu. Nungarukeko+, kuko nzogucungura+.

  • Yeremiya 50:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 “Muri iyo misi no muri ico gihe+,” ni ko Yehova avuze, “ikosa rya Isirayeli rizoronderwa+, mugabo rizobura; n’ibicumuro vya Yuda bizoronderwa+, mugabo ntibizoboneka, kuko nzobabarira abo nzoba nasigaje+.”

  • Daniyeli 9:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Imbabazi ni iza Yehova Imana yacu+, be n’ukubabarira ibicumuro+, kuko twamugararije+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika