9 Ako kanya Musa ahingura inzoka y’umujumpu+ araheza ayishira kuri nya gikingi c’ikimenyetso+; nuko mu gihe inzoka yaba iriye umuntu hanyuma agahanga amaso+ nya nzoka y’umujumpu, yaca aguma ari muzima+.
18 Umuhanuzi ameze nka wewe ni we nzobahagurukiriza hagati ya bene wabo+; kandi nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe+, na we azobabwira ivyo nzomutegeka vyose+.