12 “‘Uwutsinda—nzomugira inkingi+ mu rusengero+ rw’Imana yanje+, kandi ntazogenda yongeye gusohoka ngo aruvemwo, kandi nzomwandikako izina ry’Imana yanje n’izina ry’igisagara c’Imana yanje, ari co Yeruzalemu+ nshasha imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje, be na rya zina ryanje rishasha+.