Kuvayo 13:19 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Musa ajana kandi amagufa ya Yozefu, kuko Yozefu yari yararahije bene Isirayeli ashimitse ati: «Imana ntizobura kubitwararika, muze mujane amagufa yanje muyakure ino+.» Yosuwa 24:32 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 32 Amagufa ya Yozefu+ Abisirayeli bari barakuye mu Misiri, bayahamba i Shekemu mw’itongo Yakobo yari yaraguze na bene Hamori+, se wa Shekemu, ku mahera* 100+. Iryo tongo ryabaye intoranwa ya bene Yozefu+. Abaheburayo 11:22 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 22 Kubera ukwizera, igihe Yozefu yari yegereje gupfa, yaravuze ivy’uko Abisirayeli bovuye mu Misiri, yongera abategeka ingene bazogenza amagufa yiwe*+.
19 Musa ajana kandi amagufa ya Yozefu, kuko Yozefu yari yararahije bene Isirayeli ashimitse ati: «Imana ntizobura kubitwararika, muze mujane amagufa yanje muyakure ino+.»
32 Amagufa ya Yozefu+ Abisirayeli bari barakuye mu Misiri, bayahamba i Shekemu mw’itongo Yakobo yari yaraguze na bene Hamori+, se wa Shekemu, ku mahera* 100+. Iryo tongo ryabaye intoranwa ya bene Yozefu+.
22 Kubera ukwizera, igihe Yozefu yari yegereje gupfa, yaravuze ivy’uko Abisirayeli bovuye mu Misiri, yongera abategeka ingene bazogenza amagufa yiwe*+.