29 Imigwi y’abantu nigukorere, amahanga nakwunamire. Nuganze benewanyu, kandi benewanyu nibakwunamire+. Uwukuvuma arakavumwa, uwuguhezagira na we aragahezagirwa+.»
30 Izahaki agiheza guhezagira Yakobo, Yakobo na we akiva imbere ya se wiwe Izahaki, Esawu aca arashika avuye guhiga+.