2 Yakobo aca abwira abo mu rugo rwiwe n’abantu bose bari kumwe na we ati: «Nimwikureko imana z’inyamahanga mufise+, mwihumanure kandi muhindure impuzu zanyu 3 maze tuduge i Beteli. Nzohubakira igicaniro Imana y’ukuri, yo yanyishuye igihe nari mu maganya kandi ikagumana nanje aho nagiye hose+.»