Itanguriro 3:19 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Uzoronka ivyo urya* ubanje kubira icuya gushika usubiye mw’ivu, kuko ari ryo wakuwemwo+. Uri umukungugu kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.» Zaburi 146:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Impwemu* yiwe iramuvamwo, akisubirira mw’ivu+.Uwo musi nyene ivyiyumviro vyiwe bigahera+. Umusiguzi 9:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Kuko abazima bazi ko bazopfa+, ariko abapfuye nta na kimwe bazi+, kandi nta n’impembo* baba bakironka, kuko ivyabo vyose biba vyaramaze kwibagirwa+. Umusiguzi 9:10 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 10 Igikorwa cose uronse ugikorane inkomezi zawe zose, kuko ata gikorwa canke umugambi canke ubumenyi canke ubwenge* biri mu kuzimu+, aho uriko uraja. Ezekiyeli 18:4 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 4 Raba! Abantu bose ni abanje. Sebibondo n’umwana, bose ni abanje. Umuntu* acumura ni we azopfa. Abaroma 5:12 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 12 Igicumuro rero carinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe, urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro+. Ni co gituma urupfu rwakwiye ku bantu bose, kuko bose bari baracumuye+. 1 Abakorinto 15:22 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 22 Kurya nyene abantu bose bapfa kubera Adamu+, ni ko abantu bose bazogirwa bazima kubera Kristu+.
19 Uzoronka ivyo urya* ubanje kubira icuya gushika usubiye mw’ivu, kuko ari ryo wakuwemwo+. Uri umukungugu kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.»
5 Kuko abazima bazi ko bazopfa+, ariko abapfuye nta na kimwe bazi+, kandi nta n’impembo* baba bakironka, kuko ivyabo vyose biba vyaramaze kwibagirwa+.
10 Igikorwa cose uronse ugikorane inkomezi zawe zose, kuko ata gikorwa canke umugambi canke ubumenyi canke ubwenge* biri mu kuzimu+, aho uriko uraja.
12 Igicumuro rero carinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe, urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro+. Ni co gituma urupfu rwakwiye ku bantu bose, kuko bose bari baracumuye+.