Itanguriro 37:28 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 28 Baca bakura Yozefu muri ca kinogo maze bamugurisha ifeza* 20+ ku badandaza b’Abamidiyani*+ bariko bararengana. Abo Bishimayeli baca bajana Yozefu mu Misiri. Kuvayo 2:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Mu nyuma Farawo yumva ivyari vyabaye, aca arondera kwica Musa. Musa aca arahunga, aja kuba mu gihugu ca Midiyani+. Amaze gushikayo, aca yicara iruhande y’ikinogo c’amazi. Guharura 31:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 «Nimwihore+ Abamidiyani kubera ivyo bakoreye Abisirayeli+. Uzoheza upfe uhamvye ab’iwanyu*+.» Abacamanza 6:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Abamidiyani bacinyiza Abisirayeli+, bituma Abisirayeli barondera ahantu binyegeza* mu misozi, mu masenga no mu bibanza bigoye gushikamwo+.
28 Baca bakura Yozefu muri ca kinogo maze bamugurisha ifeza* 20+ ku badandaza b’Abamidiyani*+ bariko bararengana. Abo Bishimayeli baca bajana Yozefu mu Misiri.
15 Mu nyuma Farawo yumva ivyari vyabaye, aca arondera kwica Musa. Musa aca arahunga, aja kuba mu gihugu ca Midiyani+. Amaze gushikayo, aca yicara iruhande y’ikinogo c’amazi.
2 Abamidiyani bacinyiza Abisirayeli+, bituma Abisirayeli barondera ahantu binyegeza* mu misozi, mu masenga no mu bibanza bigoye gushikamwo+.