ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 7:11, 12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Ariko Farawo aca atumako abantu b’incabwenge* n’abapfumu. Abaherezi bakora ivy’amageza bo mu Misiri+ baca bagira nk’ivyo nyene bakoresheje ubupfumu bwabo+: 12 umwe wese aterera hasi inkoni yiwe, zica zihinduka ibiyoka bininibinini. Mugabo ya nkoni ya Aroni ica imira inkoni zabo.

  • Kuvayo 8:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Ariko ba baherezi bakora ivy’amageza baca bagira nk’ivyo nyene bakoresheje ubuhinga bwabo busiga ubwenge. Na bo nyene batuma ibikere biduga mu gihugu ca Misiri+.

  • Kuvayo 8:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Ba baherezi bakora ivy’amageza bagerageza kugira nk’ivyo nyene, barondera kuzana imibu bakoresheje ubuhinga bwabo busiga ubwenge+, ariko birabananira. Iyo mibu iguma ku bantu no ku bikoko.

  • Kuvayo 9:11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Abaherezi bakora ivy’amageza ntibashobora kuza imbere ya Musa, kuko bari bafashwe n’ibihute cokimwe n’abandi Banyamisiri bose+.

  • 2 Timoteyo 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 8 Abo bantu barwanya ukuri nka kumwe Yane na Yambure barwanya Musa. Ni abantu bononekaye rwose mu bwenge, abantu batemerwa n’Imana mu bijanye n’ukwizera.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika