29 Nimwashikanira Yehova ikimazi co gukenguruka+, mutegerezwa kugishikana ku buryo abashima. 30 Gitegerezwa kuribwa kuri uwo musi nyene. Inyama zaco ntizize zirare+. Ndi Yehova.
4 Muri iyo misi indwi, nta mwambiro ukwiye kuboneka aho muzoba muba hose+. Inyama z’ikimazi muzoba mwashikanye ku musi wa mbere ku mugoroba ntizikwiye kurara+.