-
Yosuwa 24:6, 7Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
6 Igihe nakura ba so na ba sogokuru banyu mu Misiri+ bagashika ku kiyaga, Abanyamisiri baciye baboma inyuma n’imikogote y’intambara n’abarwanira ku mafarasi gushika ku kiyaga Gitukura+. 7 Ba so na ba sogokuru banyu batangura kuntabaza jewe Yehova+. Naciye nshira umwiza hagati yanyu n’Abanyamisiri hanyuma ndabateranirizako ikiyaga kirabamira+. Amaso yanyu yariboneye ivyo nakoreye mu Misiri+. Mwaciye mumara imyaka* myinshi muba mu bugaragwa+.
-