5 Kandi amaraso yanyu, ari yo buzima bwanyu, nzoyishuza. Nzoyishuza igikoko cose kizoyasesa, kandi umuntu wese azosesa amaraso ya mugenziwe nzoyamwishuza+. 6 Uwo wese asesa amaraso y’umuntu, amaraso yiwe na we azoseswa n’umuntu+, kuko Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo+.