ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 35:4-9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 4 Musa abandanya kubwira ishengero ryose ry’Abisirayeli ati: «Ibi ni vyo Yehova abategetse: 5 “Nimutore intererano muha Yehova ivuye ku vyo mutunze+. Umuntu wese avyipfuza*+ nazanire intererano Yehova: inzahabu, ifeza, umujumpu, 6 inyuzi zisa n’ubururu, ubwoya busa n’umuyugubwe*, inyuzi zisa n’agahama, inyuzi z’ilino* nziza, ubwoya bw’impene+, 7 inshato z’impfizi z’intama zisize ibara ritukura, inshato z’ibikoko vyitwa tahashi*, imbaho z’igiti c’umunyinya, 8 amavuta yo gushira mu matara, utuvuta tumota neza* bashira mu mavuta meranda no mu mibavu+, 9 utubuye twa onigisi n’utundi tubuye tw’agaciro two kumadika kuri efodi+ no kuri ka gapfuko ko ku gikiriza+.

  • 1 Ngoma 29:9
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Abantu baranezerewe bariko baratanga amashikanwa bavyishakiye, kubera bayashikaniye Yehova n’umutima wabo wose+. Umwami Dawidi na we nyene aranezerwa cane.

  • 2 Abakorinto 9:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, ntabigirane umwikomo* canke agoberewe+, kuko Imana ikunda uwutanga anezerewe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika