8 Ku bijanye na Lewi, yavuze+ ati:
«Tumimu yawe na Urimu+ yawe vyegukira umuntu ataguhemukira+,
uwo wasuzumye uri i Masa+.
Waramurwanije kuri ya mazi y’i Meriba+,
9 uwavuze ku bijanye na se na nyina ati: “Sindabanezwe.”
Mbere na benewabo yarabirengagije+,
yarihakanye abana biwe bwite.
Kuko yagumije ijambo ryawe,
yarubahirije isezerano ryawe+.