Kuvayo 23:19 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 19 Uzozana ku nzu ya Yehova Imana yawe ivyimburwa vyizavyiza mu vyeze ubwa mbere mu mirima yawe+. Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+. Gusubira mu vyagezwe 14:21 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 21 Ntimuze murye igitungwa na kimwe musanze capfuye+. Murashobora kugiha umunyamahanga aba mu bisagara* vyanyu akakirya canke mukakigurisha kuri we. Muri ihanga ryeranda kuri Yehova Imana yanyu. Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.
19 Uzozana ku nzu ya Yehova Imana yawe ivyimburwa vyizavyiza mu vyeze ubwa mbere mu mirima yawe+. Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.
21 Ntimuze murye igitungwa na kimwe musanze capfuye+. Murashobora kugiha umunyamahanga aba mu bisagara* vyanyu akakirya canke mukakigurisha kuri we. Muri ihanga ryeranda kuri Yehova Imana yanyu. Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.