-
Abalewi 22:18-20Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
18 «Bwira Aroni n’abahungu biwe n’Abisirayeli bose uti: “Igihe Umwisirayeli canke umunyamahanga aba muri Isirayeli azaniye Yehova ishikanwa riturirwa+ kugira ashitse indagano canke akaba aritanze avyishakiye+, 19 akwiye kuzana ikigabo kitagira akanenge+ akuye mu nka, mu ntama canke mu mpene, kugira ashimwe n’Imana. 20 Ntimukwiye kuzana igitungwa na kimwe gifise akanenge+, kuko vyotuma mudashimwa n’Imana.
-