-
2 Samweli 13:10-12Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
10 Amunoni aca abwira Tamari ati: «Nzanira utwo dufungurwa* mu cumba, abe ari yo utumpera.» Nuko Tamari atora nya dukate yari yakoze dufise imero y’umutima, atuzanira musazawe Amunoni mu cumba. 11 Atumuzaniye ngo afungure, Amunoni aca aramucakira, amubwira ati: «Ingo turyamane, mushikanje.» 12 Mugabo Tamari amwishura ati: «Oya musazanje, ntunyambike ibara! Ivyo ntibibaho muri Isirayeli+. Ntukore ico kintu c’agaterasoni+.
-