4 Muzoba muri kumwe n’umugabo avuye mu muryango umwumwe wose. Akwiye kuba ari umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango yabo+. 5 Aya ni yo mazina y’abagabo bazobafasha: mu muryango wa Rubeni ni Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri.
10 Abazokambika mu bumanuko, ni umugwi ugizwe n’imiryango itatu userukiwe n’umuryango wa Rubeni+, hisunzwe imigwi y’ingabo zabo. Umukuru w’abakomoka kuri Rubeni ni Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri.