ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 23:28
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Nzotuma abansi banyu bacika intege* n’imbere y’uko mushika+ kandi nzokwirukana Abahiwi, Abanyakanani n’Abaheti bababise+.

  • Gusubira mu vyagezwe 7:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Yehova Imana yanyu niyamara kubashikana mu gihugu mugira mwigarurire+, azokwirukana imbere yanyu amahanga y’abantu benshi+: Abaheti, Abagirugashi, Abamori+, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+, amahanga indwi agizwe n’abantu benshi kandi akomeye kubarusha+.

  • Gusubira mu vyagezwe 9:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 9 Umviriza yemwe Bisirayeli, uyu musi mugira mujabuke uruzi Yorodani+ kugira mwigarurire igihugu kirimwo amahanga manini kandi akomeye kubasumvya+, ibisagara binini bikingijwe impome gushika kw’ijuru*+,

  • Yosuwa 3:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Yongerako ati: «Iki ni co kiza kubereka yuko Imana nzima iri kumwe namwe+, kandi ko itazobura kwomora Abanyakanani, Abaheti, Abahiwi, Abaperizi, Abagirugashi, Abamori n’Abayebusi+, bakava imbere yanyu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika