ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 18:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Ntimuze mwigenze nk’abantu bo mu gihugu ca Misiri mwahoze mubamwo, kandi ntimuze mwigenze nk’abantu bo mu gihugu ca Kanani ndiko ndabajanamwo+. Ntimuze mukurikize imigenzo yabo.

  • Abalewi 18:21
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Ntuze ureke ngo hagire uwo mu ruvyaro rwawe ahabwa* Moleki*+. Ntuze uhumanye izina ry’Imana yawe muri ubwo buryo+. Ndi Yehova.

  • Abalewi 20:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 2 «Uze ubwire Abisirayeli uti: “Umwisirayeli wese canke umunyamahanga wese aba muri Isirayeli azoha umwana* wiwe Moleki*, ategerezwa kwicwa+. Abanyagihugu baze bamwicishe amabuye.

  • Gusubira mu vyagezwe 18:10-12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Muri mwebwe ntihaze haboneke uwuturira umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe ngo amutangeko ikimazi+, uwupfumura+, uwukora ivy’amageza+, uwuragura+, umurozi+, 11 uwugundika* abandi, uwuhanuza abavugana n’abapfuye+, rumenyi+ canke uwuvugana n’abapfuye+. 12 Kuko uwukora ivyo bintu wese ashisha Yehova, kandi ivyo bintu bishisha ni vyo bitumye Yehova Imana yanyu yirukana ayo mahanga ngo ababise.

  • Yeremiya 32:35
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 35 Vyongeye, barubatse ibibanza vyo gusengeramwo Bayali* mu mubande wa mwene Hinomu*+, kugira ngo baturire abahungu babo n’abakobwa babo ngo babashikanire Moleki*+. Ico ni ikintu gishisha ntabategetse+, kitigeze kinza mu mutima*, catumye abo mu Buyuda bacumura.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika