5 Ariko uwo mushumba niyatakamba ati: “Ndakunda databuja, umugore wanje n’abana banje. Sinshaka kwidegemvya+.” 6 Shebuja azoce amuzana imbere y’Imana y’ukuri. Azomuzana ku muryango canke ku gishimaryango, aheze amutobore ugutwi akoresheje urushinge. Azoca aba umushumba wiwe ubuzima bwiwe bwose.