29 Imivyimba yanyu izogwa muri ubu bugaragwa+, emwe abanditswe bose muri mwebwe bafise imyaka 20 kuduga, abo bose banyidogeye+. 30 Nta n’umwe muri mwebwe azokwinjira mu gihugu narahiye ko nzobaha ngo mukibemwo+, kiretse Kalebu mwene Yefune na Yosuwa mwene Nuni+.