36 Yosuwa n’Abisirayeli bose baca bava i Eguloni baduga i Heburoni+ maze barahatera. 37 Bafata ico gisagara baragitikiza. Bicisha inkota abakibamwo, umwami waho n’ababa mu bisagara bihakikuje, ntibasigaza n’umwe. Yosuwa arahatikiza n’abaho bose, ahagira nk’uko yagize Eguloni.