Gusubira mu vyagezwe 28:15 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 15 Ariko nimutumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu, ntimwiteho gukurikiza amabwirizwa yiwe yose n’ivyagezwe vyiwe ndabahaye uyu musi, iyi mivumo yose izobazako ibahamvye+: Abacamanza 2:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Na mwebwe ntimuze mugirane isezerano n’ababa muri iki gihugu+ kandi muze musiturire hasi ibicaniro vyabo+.” Mugabo ntimwanyumviye+. Ivyo mwabikoreye iki? Yeremiya 3:13 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 13 Wewe gusa niwemere ikosa ryawe, kuko wagararije Yehova Imana yawe. Wagumye uryamana* n’abanyamahanga* munsi y’igiti gitotahaye cose, mugabo ntiwumviye ijwi ryanje’, ni ko Yehova avuze.”»
15 Ariko nimutumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu, ntimwiteho gukurikiza amabwirizwa yiwe yose n’ivyagezwe vyiwe ndabahaye uyu musi, iyi mivumo yose izobazako ibahamvye+:
2 Na mwebwe ntimuze mugirane isezerano n’ababa muri iki gihugu+ kandi muze musiturire hasi ibicaniro vyabo+.” Mugabo ntimwanyumviye+. Ivyo mwabikoreye iki?
13 Wewe gusa niwemere ikosa ryawe, kuko wagararije Yehova Imana yawe. Wagumye uryamana* n’abanyamahanga* munsi y’igiti gitotahaye cose, mugabo ntiwumviye ijwi ryanje’, ni ko Yehova avuze.”»