5 Abwira rero abagabo b’i Sukoti ati: «Ndabasavye mumpere ivyo kurya abasoda turi kumwe kuko barushe, nanje nkaba ngikurikira Zeba na Zalumuna, abami ba Midiyani.» 6 Mugabo abaganwa b’i Sukoti bamwishura bati: «None Zeba na Zalumuna wamaze kubafata muko duha ingabo zawe ivyo kurya?»