ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 8:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 muze mwibuke ko Yehova Imana yanyu ari we abaha ububasha bwo kurondera itunga+, kugira ashitse isezerano yagiraniye na ba sokuruza banyu nk’uko biri uyu musi+.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Yehova azobugururira ikigega ciwe ciza ari ryo juru, kugira aronse igihugu canyu imvura ku gihe ciza+ no kugira ahezagire ivyo mukora vyose. Muzoha ingurane amahanga menshi, ariko mwebwe ntimuzosaba ingurane+.

  • 2 Ngoma 1:11, 12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 11 Maze Imana ibwira Salomo iti: «Ko ivyo ari vyo umutima wawe wipfuza, ukaba utasavye itunga canke ibihinda, ntusabe icubahiro canke agatwe* k’abakwanka canke ukuramba*, mugabo ukisabira ubukerebutsi n’ubumenyi kugira ngo ucire imanza abantu banje naguhaye ngo ubaganze+, 12 ubwo bukerebutsi n’ubumenyi nzobiguha. Nzoguha n’itunga, nguhe n’ibihinda n’icubahiro ata mwami n’umwe araronka mu babayeho imbere yawe, kandi no mu bazoza inyuma yawe nta wuzobironka+.»

  • Yobu 42:12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Maze Yehova ahezagira Yobu mu nyuma kuruta uko yari yamuhezagiye ubwa mbere+. Yobu agira intama 14.000, ingamiya 6.000, inka 2.000 n’indogobwa zivyara 1.000+.

  • Imigani 10:22
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 22 Umuhezagiro wa Yehova ni wo utungisha+,

      kandi nta mubabaro* awongerako.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika