-
1 Ngoma 13:12-14Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
12 Kuri uwo musi Dawidi aratinya kubera Imana y’ukuri, avuga ati: «Mbega isandugu y’Imana y’ukuri nzoyizana gute mu gisagara canje+?» 13 Dawidi ntiyazanye iyo sandugu mu gisagara iwe, ari co gisagara ca Dawidi. Yaciye ayirungika kwa Obedi-Edomu Umunyegati. 14 Iyo sandugu y’Imana y’ukuri yamaze amezi atatu mu rugo kwa Obedi-Edomu, kandi Yehova yaguma ahezagira urugo rwiwe n’ivyiwe vyose+.
-