-
Zakariya 6:12, 13Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
12 Maze umubwire uti:
“Yehova Nyeningabo avuze ati : ‘Uyu mugabo yitwa Munago+. Azonagira mu kibanza ciwe, kandi azokwubaka urusengero rwa Yehova+. 13 Ni we azokwubaka urusengero rwa Yehova, kandi ni we azohabwa icubahiro. Azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami aganze, abe n’umuherezi ku ntebe yiwe y’ubwami+. Ayo mabanga yompi* azohuza*.
-