ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 9:7-10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 Dawidi aca amubwira ati: «Ntutinye kuko ntazobura kukugirira neza*+ kubera so wawe Yonatani. Nzogusubiza n’amatongo yose ya sogokuru wawe Sawuli, kandi uzokwama ufungurira* ku meza yanje+.»

      8 Mefibosheti asubira kwunama avuga ati: «Mbaye nde ga databuja ngo unyitwararike* kandi ndi imbwa ipfuye+?» 9 Umwami aca atumako Ziba umusuku wa Sawuli, amubwira ati: «Ibintu vyose vyahora ari ivya Sawuli n’umuryango wiwe wose, ndabihaye umwuzukuru wa shobuja+. 10 Wewe n’abahungu bawe n’abasuku bawe muzorimira umwuzukuru wa shobuja mwongere muzane ivyo mwimbuye kugira abo mu muryango wiwe baronke ivyo bafungura. Mefibosheti umwuzukuru wa shobuja wewe, azokwama afungurira ku meza yanje+.»

      Ziba yari afise abahungu 15 n’abasuku 20+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika