-
2 Ngoma 4:11-17Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
11 Hiramu akora n’utudobo, ibipawa n’amabakure+.
Nuko arangiza ibintu umwami Salomo yamusavye gukora bijanye n’inzu y’Imana y’ukuri+. Ni vyo vy’ibi: 12 za nkingi zibiri+ na vya bintu bimeze nk’ibikono vyari hejuru yazo, twa tuntu tubiri tumeze nk’urusenga+ twari dukikuje ivyo bikono bibiri, 13 na ya makomamanga 400+ yari kuri za nsenga zibiri atonze mu mirongo ibiri kuri buri rusenga. Ayo makomamanga yari ayo gupfuka ivyo bikono bibiri vyari hejuru kuri izo nkingi+. 14 Yakoze na ya mashareti* cumi na vya bibesani cumi vyari kuri yo+, 15 ca gitangi citwa Ikiyaga na za mpfizi 12 zari munsi yaco+, 16 twa tudobo, vya bipawa, ya makanya+ n’ibindi bikoresho vyose Hiramu-Abi*+ yakoreye umwami Salomo ku bw’inzu ya Yehova. Yabikoze mu mujumpu usenye. 17 Umwami yabikoresheje mu maforoma y’ibumba basukamwo ubutare bashongesheje. Vyakorewe mu karere ka Yorodani, hagati y’i Sukoti+ n’i Sereda.
-