-
2 Ngoma 4:18-22Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
18 Ivyo bikoresho vyose Salomo yakoze vyari vyinshi cane. Ntiyapimye n’uburemere bw’ubutare bw’umujumpu bakoresheje+.
19 Nuko Salomo akora ibikoresho+ vyose vy’inzu y’Imana y’ukuri: igicaniro c’inzahabu+, imeza+ zashirwako imikate y’ishikanwa+, 20 n’ivyo baterekako amatara n’amatara yavyo bikozwe mu nzahabu itavanze+. Ayo matara yakira imbere y’icumba c’ahiherereye nk’uko vyasabwa. 21 Akora n’amashurwe, amatara n’udupensi*, vyose abikora mu nzahabu, emwe inzahabu itavanze na gato. 22 Akora n’udukasi*, amabakure, ibikombe, udupanu tujamwo umuriro, vyose abikora mu nzahabu itavanze. Akora n’ubwinjiriro bwa nya nzu n’imiryango y’indani y’Aheranda cane+ n’imiryango y’Aheranda*. Vyose yabikoze mu nzahabu+.
-