-
2 Ngoma 6:14-17Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
14 Avuga ati: «Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, nta Mana iriho imeze nkawe mw’ijuru canke kw’isi. Urashitsa ivyo wasezeranye kandi ukereka urukundo rudahera* abasavyi bawe bagukorera* n’umutima wabo wose+. 15 Warubahirije ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi+. Uyu musi ushikije ivyo wewe ubwawe wasezeranye+. 16 None rero Yehova Mana ya Isirayeli, ndagusavye uze ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi igihe wavuga uti: “Abana bawe nibaguma bigenza neza, bakagendera mu mategeko yanje nk’uko wabigize*, mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.” 17 Yehova Mana ya Isirayeli, ndagusavye ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe Dawidi.
-