Zaburi 51:5 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 5 Raba! Navukiye mw’ikosa,kandi nabaye umucumuzi kuva mama akinsama inda*+. Zaburi 130:3 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 3 Ewe Yehova*, iyaba amakosa ari yo uraba*,ni nde yoguma ahagaze ga Yehova+? Umusiguzi 7:20 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 20 Kuko ata muntu w’umugororotsi ariho kw’isi yama akora ivyiza ntiyigere acumura+. Abaroma 3:23 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 23 Bose baracumuye kandi ntibashikira ubuninahazwa bw’Imana+. 1 Yohani 1:8 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 8 Iyo tuvuze ngo «Nta gicumuro dufise», tuba turiko turibesha+ kandi nta kuri kuba kuri muri twebwe.