-
Yesaya 38:1-3Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
38 Muri iyo misi, Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa+. Nuko umuhanuzi Yesaya+ mwene Amozi aza kumuraba, amubwira ati: «Yehova avuze ati: “Tunganya ivyo mu rugo rwawe* kuko ugiye gupfa. Ntuzokira+.”» 2 Hezekiya aca arahindukira arabana n’uruhome, asenga Yehova ati: 3 «Ndagusavye Yehova, ni ukuri ndakwinginze, wibuke+ ingene nagukoreye* ntahemuka kandi n’umutima wanje wose+, nkakora ivyo ubona ko ari vyiza.» Maze Hezekiya atangura kurira cane.
-