13 Bava mw’ihanga rimwe baja mu rindi,
bakava mu bwami bumwe baja mu bundi+.
14 Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abacinyiza+,
ahubwo yarakosoye abami kubera bo+,
15 ababwira ati: «Ntimukore ku bo narobanuye,
kandi ntihagire ikibi na kimwe mukorera abahanuzi banje+.»