-
Gusubira mu vyagezwe 29:22, 23Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
22 Abazobakomokako mu nyuma hamwe n’abanyamahanga bava mu gihugu ca kure bazobona ivyago n’indwara Yehova azoba yarateje ico gihugu. 23 Bazobona kandi ingene gisigaye cuzuyemwo amazuku*, umunyu n’umuriro ku buryo ata kintu na kimwe cohamera, ata n’icatsi kiharangwa, hasigaye hameze nk’ibisagara vya Sodomu na Gomora+, Adima na Zeboyimu+, bimwe Yehova yatikiza yarakaye.
-