ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 21:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 21 Manase+ yari afise imyaka 12 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 55 aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Hefuziba.

  • 2 Abami 21:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Yasubiye kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* se Hezekiya yari yarakuyeho+, yubaka n’ibicaniro vya Bayali, yongera ahingura inkingi nyeranda y’igiti*+ nk’uko Ahabu umwami wa Isirayeli yari yarabigize+. Yarunamira n’ingabo zose zo kw’ijuru* akazisenga*+.

  • 2 Abami 21:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 6 Yaranaturiye umuhungu wiwe bwite amutangako ikimazi*, akora ivy’amageza, aja mu vy’ubupfumu*+, ashiraho abakora ivyo guhanuza abapfuye*, ashiraho na ba rumenyi+. Akora ku rugero runini ivyo Yehova abona ko ari bibi, kugira ngo amubabaze.

  • 2 Ngoma 28:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 28 Ahazi+ yari afise imyaka 20 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu. Ntiyakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse, nka sekuruza Dawidi+.

  • 2 Ngoma 28:3
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 3 Yaratanga ibimazi mu mubande wa mwene Hinomu*, bigafumba umwotsi. Yaraturiye n’abahungu biwe mu muriro+, yigana imigenzo ishisha y’amahanga+ Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika