11 Kuko ku bijanye na Shalumu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda aganza mu kibanza ca se Yosiya+, akaba yaravuye aha hantu, Yehova avuze ati: “Ntazokwongera kuhagaruka. 12 Ahantu bamujanye mu bunyagano ni ho azopfira, kandi ntazokwongera kubona iki gihugu+.”