-
Gusubira mu vyagezwe 4:29-31Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
29 Nimwarondera Yehova Imana yanyu mumaze gushika muri ayo mahanga, mukamurondera n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+, ntimuzobura kumuronka+. 30 Ivyo bintu vyose nivyamara kubashikira mukabona mugeze habi, muzogaruka kuri Yehova Imana yanyu mumwumvirize+. 31 Kuko Yehova Imana yanyu ari Imana y’imbabazi+. Ntazobata canke ngo abahonye, kandi ntazokwibagira isezerano yagiranye na ba sokuruza banyu+.
-