25 Maze umwami wa Isirayeli avuga ati: «Nimufate Mikaya mumujane, mumushikirize Amoni umukuru w’igisagara na Yowasi umuhungu w’umwami. 26 Mubabwire muti: “Umwami avuze ati: ‘Nimushire uyu mugabo mw’ibohero+, mumuhe ivyo kurya n’amazi vy’inticantikize gushika ngarutse amahoro.’”»