-
2 Abami 24:15, 16Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
15 Nuko atwara Yehoyakini+ mu bunyagano i Babiloni+, agenda atwaye na nyina w’umwami, abagore b’umwami, abakozi bo ku kirimba iwe n’abantu bakurubakuru bo muri ico gihugu. Abakura i Yeruzalemu abatwara i Babiloni ari inyagano. 16 Umwami wa Babiloni atwara kandi abarwanyi bose, bakaba bari 7.000. Atwara n’abanyamyuga b’abahinga be n’abacuzi*, bose hamwe bakaba bari 1.000. Abo bantu bose yatwaye mu bunyagano bari abagabo b’intwari bazi kurwana.
-